Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Twakirane umunezero iyinga rishasha.
Iri yinga rikaba ariryo gushingura uturimbi twose Satani yashinze .
2 Abo i Korinto 10:3-6 Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, 4 c kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi, 5 dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo. 6 d Kandi twiteguye guhana ubutumva bgose, aho mwebge muzogirira ukwumva gushitse.
Birashika mû buzima bwacu tukisanga Satani yaraduciriye umurongo ntarengwa, tukisanga twama hahandi no muri vyabindi ata guter’imbere kuhari haba mû buryo bw’impwemu canke mû buryo bwiterambere ry’umubiri.
Ugusenga nico kirwanishwa dushobora gukoresha kugira ibintu bihinduke.
Niyo adushoboza gusambura ivyo Satani yubatse, tukinjira mû mugabane wacu Imana yaduteguriye. Amasengesho nico kirwanishwa co gutera ibiturwanya (arme offensive), waba umubiri, isi na Satani.
Iri yinga ritubere iyinga ryo kwinjira muvy’Imana yaduteguriye biciye mû gusenga.
Yakobo 5:16b Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading