Shalom!
Twakirane umunezero iyinga rishasha!
Iri yinga rikaba ari iryo gusubira kwiyegurira Imana.
Yosuwa 24:16-18 “Abantu baramwishura, bati Guheba Uhoraho ngo dusabe izindi mana biragahera! 17 p Kuk’ Uhoraho Imana yacu ari we yadukuye mu gihugu ca Egiputa, twe na ba sogokuruza, akadukura mu nzu y’ubuja, kand’ agakorera vya bimenyetso bihambaye mu maso yacu, akatuzigama mu nzira yose twazananye, no mu mahanga yose twaciyemwo. 18 Ikindi, Uhoraho yirukanye ya mahanga yose imbere yacu, bo n’Abamori baba mur’ iki gihugu; ni co gituma natwe tuzogendanira Uhoraho, kukw ari yo Mana yacu.“
Aya majambo Abisirayeli bayavuze bamaze kwibutswa ivy’Imana yabakoreye v1-13, bariko basabwa kwubaha uhoraho no kumusaba ata buryarya.
Reka natwe iri yinga tuze dufata akanya ko gusubiza amaso inyuma twiyumvire aho Uhoraho yadukuye, ivyo yakoze kugeza uyu musi, hanyuma tumwiyegurire ukundi gushasha, tumureke atuber’Imana muri vyose.
Iyinga ryiza n’umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO