Shalom!
Turashimiy’Imana kubw’iri yinga rishasha dutanguye.
Iri yinga n’iryo gutabarwa n’Imana.
Gusubira mû vyagezwe 33:26“Nta gihwanye n’Imana yawe, ewe Yeshuruni x,
Iza ireruwe n’ijuru, izanywe no kugutabara, Iza ireruwe n’ibicu, iri n’igitinyiro.“
Imana iratabara cane igihe cose tuyitabaje kuko n’Imana y’imigenderanire. Yaradusezeranije ko tuyambaje izoza ikadutabara ikadukiza kugira turushirize kuyiha icubahiro.
Zaburi 50:15 “Uz’ unyambaze ku musi w’amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.“
Ndakwifurije iyinga ryo gutabarwa n’Imana no kuyih’icubahiro.
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO