Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Inyungu ziri mu ukwizera kuzima. 

1. Ukwizera kuzana guhimbara Imana.

Abaheburayo 11:6 kand’ utizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwegera Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impera abayirondera .”

Imana ni Impwemu kugira ukorane nayo bisaba ukwizera. Ukizera ko iriho, ko yumva, kw’ibona kandi ko ikora.

2. Ukwizera gutuma vyose bishoboka.

Mariko 9:23 Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.

Iyo umuntu yizeye Imana ishobora vyose, nta kidashoboka imbere yiwe.

Ivyakozwe n’intumwa 9:40-41 Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara. 41 t Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima .

Iyo duhagaze mu kwizera duha akaryo Imana kugira ikore ibitangaza. Kuko gutuma ibitariho bibaho, ivyaboneka nk’ibidashoboka bishoboka.

3. Ukwizera kudushoboza gusaba ibihuye n’ivy’Imana ishaka.

1 Abami 17:1 Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bagerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.

Nta kindi catumye Eliya avugira amajambo nk’aya imbere y’umwami Ahabu atari ukwizera no kwumva umutima w’Imana n’ivyo ushaka.

Amajambo yavuze yabaye uko yayavuze kuko siwe yivugisha ariko yavuga arongowe n’Imana.

Yakobo 5:17-18 Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu; 18 o yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo.

Reka natwe mu gihe cacu twumve ic’Imana ishaka, twizere hanyuma dukore ugusenga kw’ubuvugishwa, ivyo twatura bikurikirane n’ibikorwa bigaragara kubw’icubahiro c’Imana.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading