Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Inyungu ziri mu kwisubiramwo ( igice ca 2) 😀 

3. Kwisubiramwo bidutahuza ubuntu bw’Imana.

Luka 15:18-19 18 g Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, 19 singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe.

Uyu mwana amaze kwisubiramwo yatahuye ko atagikwiye kwitwa umwana aravye amakosa yakoze.

Ukuntu Se yamwakiranye urukundo, bwabaye ubuntu agiriwe kuko yasubijwe agateka ko kwitwa umwana atar’abikwiriye, iki naco niyo nsobanuro yo kugirirwa ubuntu” kwakira ikintu c’agaciro utoshobora kwiha, kandi ukacakira kuri gusa, ataco utanze”

Ivy’Imana idukorera n’ubuntu gusa, kuko nta kiguzi tworonka kugira twitwe abana b’Imana no kuba mu vyiza vyose yama iduha buri musi.

4. Dutahura ko umusi wose tubaho kubw’imbabazi z’Imana gusa !

Luka 15:22-23 Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, 23 muzane ya shuri inuze, muyibage, turye tunezerwe:

Se yagiriye umwana wiwe imbabazi amukorera ivyiza atari yiteza. Uko niko Imana itugirira buri musi.

Gucur’intimba 3:21-23 Ibi ni vyo nibuka, bikantera ivyizigiro: 22 m N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera: 23 n Cama ari gisha uko bukeye; ingen’ ar’ umwizigirwa biratangaje.

Amaso yacu yuguruke tubone igikorwa c’Imana ca buri musi, duhore mu mashimwe no kwakir’igikorwa c’ubuntu twicishije bugufi.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading