Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Inyifato twogira buri musi kugira Imana ihimbazwe. 
Abo i Kolosayi 3:17 Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo .
Kristo yaraducunguye kandi yongera atuber’icitegererezo c’ubuzima kuko yabayeho ari Imana 100% n’umuntu 100%. Kandi ngo yageragejwe uburyo bwose muga nta caha yakoze.Abaheburayo 4:15″Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ udashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze .”
Kubw’ivyo duhamagarirwa gukora vyose mw’izina ryiwe. Imbere yo kuvuga twokwibaza tuti” mbega Kristo iy’aba aha nivyo yari kuvuga?”. Imbere yo gukora twokwibaza tuti” mbega Kristo iy’aba aha nivyo yari gukora“.
Iyo niyo nsobanuro yo gukora canke kuvuga mw’izina ryiwe!
Iman’idushoboze kumubera abaserukizi beza ( bons embassadeurs), n’abavugizi beza ( bons porte-paroles).

 

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading