Shalom!
Turangiz’iri yinga turaba inyifato nziza umuntu yogir’imbere y’ibimutey’ubwoba( igice ca kabiri)
3. Gusenga
Ivyakozwe n’intumwa 4:29-31 “Kandi none, Mwami, raba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose: 30 ukiramvuye ukuboko kwawe gukiza indwara, ibimenyetso n’ibitangaza bikorwe mw izina ry’Umushumba wawe yera Yesu. 31 s Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga .“
Ishengero ryambere rimaze kubona iterabwoba n’ihamwa rikomeye bariko bagirirwa, bafash’akanya ko kuja hamwe no gusenga. Ubushobozi bwa Mpwemu yera bwaramanutse burabuzura, bakomez’igikorwa bashiz’amanga.
Ugusenga n’ikirwanishwa gikomeye imbere y’ubwoba. Kuko Mpwemu Yera aho ari atsind’ubwoba.
Abaroma 8:15 ” Kuko mutahawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwahawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba j, Data. “
Ugusenga kuduha kugir’umutima nk’uw’intambwe.
Imigani 28:1″Abanyakibi bahunga ata wubirukanye,
Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge .”
3.Guhimbaza no gutazir’Imana mû kuririmba.
Ivyakozwe n’intumwa 16:25-26 “Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva, 26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka.“
Gusenga no kuririmba vyahinduye ikirere c’ubwoba n’umubabaro mw’ibohero, vyamanuye ubushozi bukomeye kugeza aho ubwoba bwavuye kubafunzwe bwimukira ku murinzi w’ibohero.
Iyo tubaye mû gutazir’Imana mû bihe bibi, bituma ubwoba bwimuka bukaja kwa Satani kuko tuba dukoze ikinyuranye n’ico yaratwitezeko ( kwiganyira, kwidoga, kurira,…..)
Imbere y’ibidutey’ubwoba uyu musi, duhungire mû gusenga, kwuzura Mpwemu Yera no gutazir’imana mû kuririmba ubukuru n’ubushobozi bwayo.
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO