Shalom !
N’iyihe nyifato nziza umuntu yogira imbere y’ibimutey’ubwoba?
1. Kwima ikibanza ubwoba.
Ivyakozwe n’intumwa 28:3-5 “Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko. 4 Abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Idaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho. 5 b Arikw akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ic’ aba .“
Inzoka iratinyitse iyo ikomoye umuntu, ariko Pawulo imaze kumukomora nta kibanza yahay’ubwoba kuko ata gahunda yo gupfa yarafise, yagumij’umutima kuc’Imana yari yamubwiye ko azohagarara imbere ya Kayisali.
Ivyakozwe n’intumwa 27: 23-24 “Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, 24 g arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose .“
Imbere y’ibiduter’ubwoba dushir’umutima kuc’Imana ivuga, ntituwushire kuc’ubwoba buvuga.
2. Kwatura neza ic’Iman’ivuga.
1 Samweli 17:45-47 “Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye. 46 r Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana; 47 s kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.“
Imbere y’iterabwoba rya Goliyati, Dawidi yatuy’ubushobozi bw’Uhoraho Nyen’ingabo kandi ico yatuye kwariko kuri kuko Imana yabanye nawe ituma yica Goliyati.
Uyu musi twige guhangana n’ibidutey’ubwoba mû kumenya, kwatura no kugender’ic’Imana yavuze kuko nikwo kuri.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO