Shalom!
Intumbero y’urukundo rw’Imana.
Yohana 3:16 “Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.“
Imana mû kugaragaza urukundo rwayo n’uko turonka ubugingo budashira. Kuba Imana yaratwiyumviriyeko igatanga umwana wayo w’ikinege kubwacu, tugomba kubiha agaciro gakomeye kuko nayo yatanze ico yari ifise c’agaciro.
Guha agaciro urukundo rw’Imana ni uguha agaciro igikorwa ca Kristo co kuducungura, umuntu wese akacihererezako, akamenya ko Kristo yazize ivyaha vyiwe n’amakosa yiwe.
Yesaya 53:4-6″N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. 5 e Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza. 6 f Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese.”
Ikibazo twokwiyumvirako uyu musi: ” Mbega igikorwa Kristo yakoze co kuducungura ndagiha agaciro kangana gute?
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO