Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi turabe intambamyi zikunze kubuza abantu gushira ahabona ivyo Imana yabashizemwo.

1. Kahise kabi.

Kuvayo 4:10-14a Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi. 11 Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? Canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho? 12 g Nuko none genda, nanje nzobana n’akanwa kawe , nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga. 13 Aramwishura, ati Mwami, ndakwinginze, raba uwundi wese utuma. 14 Mose atuma uburake bg’Uhoraho buziriringa;

Mose kahise kiwe katumye bimunanira kwizera ko yoja kubwira Farawo ivy’Imana imutumye, ngo ntazi kuvuga kandi Imana yamwemereye ko izobana n’akanwa kiwe, Imana iramushavurira.

Kahise kacu ntigakwiye kutubera intambamyi vy’ic’Imana ishaka kudukoresha, kuko ntiturabira muri kahise, iturabira mû mugambi idufiseko kuva kera tutarabaho.

2. Ubwoba.

Yeramiya 1:7-8 Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga. 8 f Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.

Yeremiya yaragiz’ubwoba aravye imyaka yiwe n’ukw’atazi kuvuga, ariko Imana yaramuremesheje ko izob’iri kumwe nawe.

Ivyotuma tugir’ubwoba bizokwamaho, ariko ico dukwiye gushirako umutima n’ic’Imana iri n’ic’itubwira kurusha ivyo tubonesh’amaso.

Imana ntihamagara abakomeye, ikomeza abo ihamara!

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading