Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Insobanuro y’urukundo Imana yadukunze.  
Abagiriki bagiye bita amazina inkundo zitandukanye, barabiye ku rukundo hagati y’umuvyeyi n’umwana, urukundo hagati y’abavukana, hagati y’abasangiye ibitsina arirwo ruba hagati y’umugabo n’umugore, baca bavuga no ku rukundo ruruta zose arirwo rukundo AGAPE, urukundo Imana yadukunze.
Urwo rukundo nirwo Pawulo yavuzeko mû 1 Ab’i Korinto 13:4-7 Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5 c ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, 6 d ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: 7 e rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.
Uri nirwo rukundo rukuru kuko ariwo rushobora gutuma n’izo nkundo zose zishoboka. Ni narwo rutuma dushobora kuba abana b’Imana kanatsinda ruva kuri iyo kuko ruza nk’icamwa ca Mpwemu Yera
Ab’i Galatiya 5:22-23a Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo , umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, 23 p ubugwaneza, ukwirinda:
Ikibazo umwe wese yokwibaza uyu musi : Mbega urwo rukundo rw’Imana ndarufise?

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading