Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Insobanuro y’umuco (culture). 
Umuco (culture) turiko tuvugako ni ingene umuntu abayeho (mode de vie) n’ivyo umuntu aha agaciro ( système de valeurs).
Rikunda gukoreshwa ku muntu umwe Canke umurwi w’abantu bafise ako karanga kamwe.
Iyo mico ishobora kuba mibi nk’iya Nabali
1 Samweli 25:3 Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu.
Ishobora kandi no kuba imico myiza nka Barunaba.
Ivyakozwe n’intumwa 11:22-24 Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya. 23 i Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanura bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu. 24 j Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.
Turondere kuba abantu b’imico myiza kuko arico kituma tugira intahe nziza aho tubaye.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading