Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom !
Insobanuro y’ukwizera kwimura imisozi. 
Abaheburayo 11: 1 Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.
Ukwizera ni ukumenya neza”une conviction ” ukumva wemejwe ikintu ku buryo bivyara inkomezi mu muntu zidasanzwe.
Ukwizera kwimura imisozi ni inkomezi zituma umuntu akora ibintu bikomeye vyasa n’ibidashoboka imbere y’amaso y’abantu. Izo nkomeze zikaza zirengeye za ” ntibishoboka“, “nta kigenda“…
Har’ukumenye kwinshi tuzi ku Mana, ariko iyo ukwo kumenya kutazanye muri twebwe inkomezi zituma turengana ka ” ntibishoboka” ukwo kwizera kuba gupfuye.
Yakobo 2:26 Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.
Iman’idushoboze ukwizera kwacu kugaragarire mû bikorwa.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading