Shalom!
Uyu musi tugiye kurabira hamwe insobanuro y’ubwenge n’igituma tubukeneye.
Hari insobanuro nyishi z’ubwenge, ariko tugiye gufata ubwenge nk’ubushobozi bwo gutahura.
Igituma tubukeneye:
1. Bibiliya yanditswe n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, ikavuga kahise, kubu na kazoza, birakenewe rero kugira ihishurirwa no gutahura kuva ku Mana kugira dutahur’ibiyanditsemwo.
Abanyefeso 2:20 “20s kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abavugishwa n’Imana , Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.“
2. Har’ivy’Imana yavuze mw’isezerano rya kera biriko birashika ubu bisaba ko tugira ubwenge kugira tubitahure.
Daniyeli yabwiwe kumatanisha ishashara ivyo yeretswe.
Daniyeli 12:4 “Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira .“
Yahona nawe yabwiwe kudashirako ishashara.
Ivyahishuriwe Yohana 22: 10 “Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.“
Turi mu gihe ibintu vyinshi Imana yavuze biriko birashika!
Dusab’ubwenge kugira dutahur’ibiriko biraba hanyuma tumenye ingene twitwara.
Imigani 29:18 ” Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bigira uko bagomba, Arik’ uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO