Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe insobanuro y’ubwenge n’igituma tubukeneye.

Hari insobanuro nyishi z’ubwenge, ariko tugiye gufata ubwenge nk’ubushobozi bwo gutahura.

Igituma tubukeneye:

1. Bibiliya yanditswe n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, ikavuga kahise, kubu na kazoza, birakenewe rero kugira ihishurirwa no gutahura kuva ku Mana kugira dutahur’ibiyanditsemwo.

Abanyefeso 2:20 20s kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abavugishwa n’Imana , Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.

2. Har’ivy’Imana yavuze mw’isezerano rya kera biriko birashika ubu bisaba ko tugira ubwenge kugira tubitahure.

Daniyeli yabwiwe kumatanisha ishashara ivyo yeretswe.
Daniyeli 12:4 Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira .

Yahona nawe yabwiwe kudashirako ishashara.
Ivyahishuriwe Yohana 22: 10 Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.

Turi mu gihe ibintu vyinshi Imana yavuze biriko birashika!

Dusab’ubwenge kugira dutahur’ibiriko biraba hanyuma tumenye ingene twitwara.

Imigani 29:18 Iyo hatar’ uguhishurirwa, abantu bigira uko bagomba, Arik’ uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO 

Loading