Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba insobanuro y’ubuhungiro.
Ubuhundiro ni ikibanza umuntu ajamwo kugira icago ntikimushikire.
Ico kibanza n’ikihe? Ni mw’ijambo Imana yavuze kuko uwuryakiriye akaryizera rimubera ikibanza c’umutekano.
Zaburi 91: 4-6 “Izokubundikira mu moya yayo,Kand’ uzohungira musi y’ivyubi vyayo; Ukuri kwayo n’inkinzo n’icuma co kwikingiriza. 5 e Ntuzotinyishwa n’igiteye ubgoba mw ijoro, Canke n’umwampi urashwe ku murango; 6 Canke n’ikiza kigendagendera mu mwiza, Canke n’agatikizo kayogeza mu mashoka.” Ikibazo twokwibaza uyu musi: ” Mbega ijambo ryayo ndaryizera ku buryo ryombera ubuhungiro nkumva ntekanye mu gihe isi iriko irahinduka?
Dusab’Imana idushikane kur’urwo rugezo.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO