Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe insobanuro yo Ukwizera.

Abaheburayo 11:1 ” *Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.

Mur’iyo insobanuro harimwo igice cerekeye kumenya kandi nico gitangura. Hanyuma hakaza kudakekeranya ko bizoba kuko ar’ivyizigirwa.

Ukwizera kandi n’ubushobozi bukwega ibitabonwa bukabigira ukuri. N’ikibigaragaza n’uko ivyo tubona kur’ino si vyaremwe n’ijambo ry’Imana, ntivyaremwe mû biseruka.

Abaheburayo 11:3 Ukwizera ni kwo kutumenyesha yukw isi yaremwe n’ijambo ry’Imana, ni co catumye ibiboneka bitaremwe mu biseruka.

Dusab’Imana idutahuze iri banga kugira natwe tube mur’urwo rwego Imana idushakamwo.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading