Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turakomeza kwiga ku kwiyegurir’Imana.

Uyu musi tugiye kuraba insobanuro yo kwiyegurir’Imana.

Hari insobanuro nyishi ariko ico tugiye gufata ni ” ukubaho ubuzima buhuriranye n’ic’Imana yateguriye ko tuba

1 Petero 2:9 Ariko mweho mur’ ubgoko bgatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:

Nk’uko Paulo yibukije abakristo b’igihe ciwe bari mû ntara zitandukanye zo muri Turukiya na Aziya, ko bahamagariwe gukwiza Ishimwe ry’iyabahamagaye, niko natwe ab’iki gihe duhamagarirwa kurishushanya n’ivy’iki gihe kugira dukore ivy’Imana itugombako.

Abaroma 12:2 Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose .

Ikibazo wokwibaza uyu musi:Mbega ndiko mbaho ubuzima bwo kuba inyegu Imana yiharije? 🙄 

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading