Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Uyu musi tugiye kuraba insobanuro yo kuvuka ubwa kabiri.

Kuvuka ubwa kabiri si ikintu kiba rimwe kikaba giheze ico twita (événement), ni urugendo ni urugendo(processus).

Urwo rugendo rushikana umuntu ku guhinduka mû nyifato, muri kamere, bizanywe no guhinduka kwo mû mutima no mû gikorwa ca Mpwemu Yera.

Intambuko zigize urwo rugendo:

1. Kwemezwa ivy’icaha.

Yohana 16:8  Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;

Iyo umuntu yakiriye imbuto y’ijambo ry’Imana muri we, Mpwemu yera aramuganiriza, akamutahuza ko ari umunyavyaha.

2. Kwicuza  :
Ivyakozwe n’intumwa 2:37  Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?

Mpwemu yera amaze kwemeza umuntu ivy’icaha, uwo muntu yumva azinutswe icaha akicuza mû mutima kuvyo yakoze kuko yumva uburemere bw’icaha.

3. Kwatura.
Luka 15:21  Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.

Umuntu amaze kwumva yicuza kuvyo yakoze bimushika kubisohora akoresheje akanwa kiwe agaserurira Imana akababaro afise k’ivyo yakoze mû majambo ava indani mû mutima wiwe yo gusaba imbabazi.

Ejo tuzobandanya n’ibikurikira.  

Mugir’umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading