Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Insobanuro yo kudakena. 
Zaburi 23:1 Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena .
Dawidi yarabaye umwungere kandi mwiza! Arazi ko ubuzima bw’intama buri mû kiganza c’umwungere, iyo umwungere ari mwiza, ubuzima bw’intama buba bwiza, iyo ari mubi, ubuzima bubi.
Mw’isezerano rishasha, Yesu yerekanye ko ari umwungere mwiza.
Yohana 10:11 Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.
Kubera ko umwungere wacu ari mwiza, yitayeho ivyo dukenera mû buryo b’wumubiri.
Matayo 6:31 Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?
Kandi no mu buryo bw’impwemu, umwungere wacu atwitayeho, aduha amahoro, umunezero, umutekano, no kugubga neza muri rusangi.
Yohana 10:27-29 Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, 28 t kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. 29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.
Uyu niwo mugabane w’abagize Uhoraho umwungere.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading