Shalom !
Insobanuro yo gutwenzwa n’Imana.
Hari uburyo uburyo butandukanye bwo gutwenga.
– Ugutwenga kubera kumaramara
– Ugutwenga kubera agahemo
– Ugutwenga kubera umunezero,….
Mur’izi zose gutwenzwa n’Imana ni Ugutwenga kubera umutima unezerewe.
Imigani 13:19a ” Icifujwe kigashika kiryohera umutima,“
Sara igihe Imana yamusezeranira kuvyara vyaramugoye kwakira kuko yumva bigoye kugeza naho yagize gutwenga kw’agahemo
Itanguriro 18:10-14 “Aramubgira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, sinzobura kugaruka i wawe, Sara umugore wawe yavyaye umuhungu. Sara avyumviririza mu muryango w’ihema, ahahera inyuma yabo. 11 e Kandi Aburahamu na Sara bari bashaje, bageze mu zabukuru: kandi Sara yari yaraciye. 12 f Maze Sara atwengera mu mutima , ati Ko mmaze gukecura noba nkigomba umugabo, kand’ umwami wanje akaba ashaje? 13 Uhoraho abaza Aburahamu, ati N’iki gitumye Sara atwenga, akavuga Ngw Aho n’ivy’ ukuri, noba nkivyara umwana nkecuye? 14 g Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.“
Ariko amaze kubona bibaye, gutwenga kwiwe kwari ugutwenga kubera umunezero. Umutima wiwe wari wuzuye ubuzima bw’amashimwe.
Imigani 13:12 “Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, Arikw icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubugingo.“
Reka nawe Imana igushikane kw’amasezerano, umutima wawe iwuzuze amashimwe!
Pasteur Cassien NIKO