Shalom!
Insobanuro y’abakund’Imana.
Yohana 14:21-24 “Uri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ unkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira. 22 p Yuda (atari Isikaryota) aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi? 23 q Yesu aramwishura, ati Ni hagira unkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we. 24 r Utankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.“
Yesu ubwiwe yaravyivugiye ko umuntu yitondera ijambo ryiwe ko ariwe amukunda. Uwo muntu afise isezerano ko Imana na Yesu na Mpwemu yera bazoca baza bakabana nawe.
Umuntu ameze ukwo niwe afise iri sezerano ko kuri we vyose bifataniriza hamwe kumuzanira ivyiza.
Duhitemwo rero kuba abakunzi b’Imana biciye mu guha agaciro ijambo ryose yaduhaye ngo turyitondere. Imana ntigabitanya nayo izoshitsa isezerano ryayo kuri twebwe.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO