Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ingeruka mbi zo gukomantara kw’umutima. ( igice ca 3) 
3. Haba gutakaza ikibanza Imana itwifuzamwo.
Luka 24:13 Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahitwa Emawusi, ni kure y’i Yerusalemu nk’urugendo rwa stadiyo mirongwitandatu.
Aba bigishwa ba Yesu baragize imitima ikomantaye bamaze kwumva ko Yesu yazutse, bagumana ubwoba, baca bafata ingingo yo kuva i Yerusalemu baja Emawusi ku bilometero 11 uvuye i Yerusalemu.
Ukutiza gutuma umuntu ubwoba bumutsinda, umuntu akava aho Imana imushaka akaba kuri y’Imana kuko utizera ntashobora guhimbara Imana.
Abaheburayo 11:6 kand’ utizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwegera Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impera abayirondera.
Icagiye kubatabara n’uko batumiye Yesu bagasangira nawe, uruhuni rukabavako, baca basubira i Yerusalemu bamushingir’intahe ko yazutse.
Luka 24:33-35 Ako kanya barikora, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye, bo n’abari kumwe na bo, 34 m kandi bavuga, bati N’ukuri Umwami Yesu yazutse, kandi yabonywe na Simoni. 35 Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n’uko yamanyaguye umutsima.
Uwo dukeneye imisi yose ni Yesu kugira tugume mu kibanza co kwizera Imana idushakamwo.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading