Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba uturorero tw’ingene ubwo bushobozi bwigaragaza:

1. Kuvuga indimi nsha. Ivyakozwe n’intumwa 2:2-4  haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’ umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. 3 c Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe-umwe. 4 d Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.

2. Gushingir’intahe Kristo ata bwoba:

Ivyakozwe n’intumwa 2:14 Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.

3. Gukoreshwa ibitangaza mw’izina rya Yesu :

Ivyakozwe n’intumwa 3:6-8 Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke. 7 Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukura hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera, 8 d arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:”

Aho Mpwemu yera ashitse n’ubushobozi budashobora guhishwa. 1 Ab’i korinto 12:7  Yamara, umuntu wese ahabga ikimwerekanako Mpwemu , kugira ngo bigire ikimazi.

Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega n’igiki kinyerekanako Mpwemu? 🙄 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading