Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ingene Mpwemu yera ari ubushobozi.

1. N’ubushobozi kuko ari Imana iri mu butatu, iza gukorera mu muntu. Yohana 14: 17 ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.

Yesu ariko abwira Mpwemu yera abigishwa yaberetse ko mur’uwo mwanya ari kumwe nawe, ariko ko azogaruka akaba indani muri bo. Ni nkaho azohindura ikibanza akava iruhande akimubira indani muri bo. Aha yariko arerekana igikirwa c’ubutatu.

V23 Yesu aramwishura, ati Ni hagira unkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.”

Yesu yerekana kandi ko atazoba ari wenyene ariko azoba ari kumwe na Data Imana.

Mpwemu yera rero n’Imana na Yesu baza gukorera mu muntu baciye kuri Mpwemu yera.

2. Mpwemu yera ashitse mu muntu aramuhindura.

Yohana 7:38-39 Unyizera, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga. 39 z Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bagira bahabge ; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.

Aho Mpwemu yera ashitse agaragaza ubushobozi bumeze nk’inzuzi zitemba zijana ubugingo aho zishitse hose.

3. Izo nzuzi zigaragarira mu kubaho kw’uwakiriye Mpwemu yera. Ab’i Galatiya 5:22&23 Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, 23 p ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.

Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega ubu bushobozi bwoba buriko buragara muri jewe?

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading