Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Uyu musi tugiye kuraba ingene Kristo yubaka Ishengero ryiwe ( Eglise universelle)

1. Yesu ubwiwe niwe muhinga ( Architecte) akora igicapo y’Ishengero ashaka.

Matayo 16:18b  kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje ,

Yaratanguye kwubaka Ishengero ryiwe kuva arungitse Mpwemu yera kandi arakomeje kuryubaka kugeza Mpwemu yera ariduganye rikarenguka imbere ya Kristo mw’ijuru.

Abanyefeso 5:27  ngw aryishire, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe, cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.

2. Yesu niwe mushinge w’Ishengero.

1 Ab’i Korinto 3: 11  Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.

3. Niwe buye rigumya imfuruka.

Ivyakozwe n’Intumwa 4:11  Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.”

4. Mpwemu yera araheza agaha abizeye kuba ingoro.

Abanyefeso 2:22  Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.

Iman’idushoboze kwemera kwubakwa nk’uko Kristo ashaka.  

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading