Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ingene Kristo yubaka Ishengero ryiwe ( Eglise universelle)
1. Yesu ubwiwe niwe muhinga ( Architecte) akora igicapo y’Ishengero ashaka.
Matayo 16:18b “kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje ,“
Yaratanguye kwubaka Ishengero ryiwe kuva arungitse Mpwemu yera kandi arakomeje kuryubaka kugeza Mpwemu yera ariduganye rikarenguka imbere ya Kristo mw’ijuru.
Abanyefeso 5:27 ” ngw aryishire, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe, cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.“
2. Yesu niwe mushinge w’Ishengero.
1 Ab’i Korinto 3: 11 ” Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.“
3. Niwe buye rigumya imfuruka.
Ivyakozwe n’Intumwa 4:11 “Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.”
4. Mpwemu yera araheza agaha abizeye kuba ingoro.
Abanyefeso 2:22 ” Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.“
Iman’idushoboze kwemera kwubakwa nk’uko Kristo ashaka.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO