Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Ingene Kristo ari ibanga ry’Imana rihishijwe. 
1. Umwakiriye yagomba kumera nkawe.
Ivyahishuriwe Yohana 3:20 Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire .
Iri n’isezerano rikomeye. Yesu yemeya ko aho ashitse, asangira n’uwumwakiriye, ivyiyumviro, ubuzima, kamere, uburyo abona ibintu( perception), ubushobozi,….
Vy’ukuri ni no kuri ibi izina umukristo ryagomba kuva, risobanura, gusa na Kristo, twibuke ko abakristo ari izina ryahawe intumwa n’abo hanze babitegereza bagasanga bameze nka Kristo.
Abenshi uyu musi baravyiyitirira muga siko bari vy’ukuri. Aha niho ibanga rigaragarira ku wagize ihishurirwa rya Kristo yakiriye n’impinduka yagomba kubona muri we kubw’ico gikorwa co kumwakira.
N’aho umuntu wese kwirimbura, ko vy’ukuri twamenye iri banga ryo kumenya ico Yesu yaje gukora muri twebwe, tukamuha akaryo akagikora.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading