Shalom!
Ingene Kristo ari ibanga ry’Imana rihishijwe. Igice ca 2
2. Umwakiranye umunezero aba yakiriye ububasha buhindura.
Luka 19:5-9 “Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurara i wawe. 6 Yururuka vuba, amwakirana akanyamuneza . 7 a Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurarira umuntu w’umunyavyaha! 8 b Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Raba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. 9 c Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu .“
Imbere yo kwakirana Yesu umunezero, Zakayo yari umunyavyaha azwi na bose kuko baravyidodomvye babonye Yesu agiye kurara iwe.
Igikorwa Zakayo yakoze co kumwakirana umunezero gusa, catumye ahinduka atangura kwiyumvira gusubiza abo yanyaze no kubabara aboro yahora yirirwa arahahaza mû kubatangisha ikori uko yishakiye.
Yavuye kuba umunyavyaha azwi ahinduka umwana wa Aburahamu azwi kuko Yesu yamushingiye intahe imbere ya bose.
Ico dusabwa ni ugukunda Yesu gusa tukamwinjiza mu buzima bwacu tunezerewe, nawe aca akora igikorwa co kuduhindura.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO