Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ingaruka nziza zo kwiyegurir’Imana.

1. Bituma ugukorer’Imana kwacu kuba ukw’ikimazi.

Abaroma 12:1 Nuko bene Data, ndabahanura kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi .

Mw’ishengero harimwo imirwi ibiri: abakristo bari mu mpwemu ( chrétiens spirituels) n’abakristo bari mû mubiri ( chrétiens charnels).

Ab’impwemu n’abatanze imibiri yabo kw’ikimazi kizima cera nk’uko Paulo abivuga kandi ugukorer’Imana kwabo n’ukw’ikimazi. Ab’umubiri n’abakorera muri kamere y’umubiri kandi ivyo bakora ntaco bimaze imbere y’Imana kuko Imana ni Mpwemu kandi irera ( Saint).

2. Bituma tutabako umugayo.

1 Ab’i Korinto 9:27 kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe.

Kwiyegurir’Imana bih’umuntu ubushobozi bwo kuganza umubiri wiwe no kwirinda umugayo.

3. Bituzigamira mû kwera.

1 Abo i Tesalonike 5:23 Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe , ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.

Reka imibiri yacu, ubugingo n’impwemu zacu tuvyegurire Kristo.

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading