Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ingaruka nziza zo kutabangikanya Imana. 
Yeremiya 17:7-8 Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. 8 i Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto; ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.
Umuntu atabangikanya Imana arahiriwe cane! Umutima wiwe uzomera nk’igiti imizi yaco ishorera mû mazi, ugaburirwa ivyiza ukongera ukamana itoto kandi ibikorwa biba vyiza kuko ni umutima muzima!
Ikirushirije uwo muntu azogira amahoro menshi!
Yesaya 26:3 Uzozigama amahoro masa umuntu akwegamikako umutima wiwe, kukw akwizigiye.
Iman’idushoboze kwama tuyegamikako Imitima yacu yose kuko niho guhirirwa kwacu kuri. 

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading