Shalom !
Tugiye kubandanya ingaruka nziza zo kugir’Imana ubuhungiro.
Zaburi ya 91:9 ” Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe , Isumba vyose wayigize uburuhukiro “
1. Nta kintu kidushikira Imana atariy’ikirekuye : Zaburi 91:10-12 “Nta kibi kizogira ico kikugira, Kandi nta cago kizokwegera ihema ryawe. 11 h Kukw azokuragiza abamarayika biwe, Ngo bakuzigame mu nzira zawe zose. 12 Bazokuramira mu maboko yabo, Woye gutsitara kw ibuye.“
2. Habaho gushirwa hejuru : Zaburi 91:14 “Kuko yankunze akaramata, ni co gituma nzomukiza: Nzomushira hejuru, kuko yamenye izina ryanje.“
3. Imigenderanire n’Imana irakomera : Zaburi 91:15-16 “Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize , mmuhe icubahiro. 16 l Nzomuhaza kuramba ,“
Uko ibihe birushiriza kuba bibi duhitemwo kurushiriza kweger’Imana ituber’ubuhungiro muri vyose!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO