Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Tugiye kubandanya ingaruka nziza zo kugir’Imana ubuhungiro.

Zaburi ya 91:9  ” Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe , Isumba vyose wayigize uburuhukiro “

1. Nta kintu kidushikira Imana atariy’ikirekuye : Zaburi 91:10-12 Nta kibi kizogira ico kikugira, Kandi nta cago kizokwegera ihema ryawe. 11 h Kukw azokuragiza abamarayika biwe, Ngo bakuzigame mu nzira zawe zose. 12 Bazokuramira mu maboko yabo, Woye gutsitara kw ibuye.

2. Habaho gushirwa hejuru : Zaburi 91:14 Kuko yankunze akaramata, ni co gituma nzomukiza: Nzomushira hejuru, kuko yamenye izina ryanje.

3. Imigenderanire n’Imana irakomera : Zaburi 91:15-16 Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize , mmuhe icubahiro. 16 l Nzomuhaza kuramba ,

Uko ibihe birushiriza kuba bibi duhitemwo kurushiriza kweger’Imana ituber’ubuhungiro muri vyose!

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO  

Loading