Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ingaruka nziza zo kugira Uhoraho umwungere ! 
1.Biha akaryo Imana ko kugaragaza ubwizigirwa bwayo.
Zaburi 23: 2-5 Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye:Andongorera i ruhande y’amazi adasuma: 3 c Aremesha umutima wanje.Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg’ izina ryiwe.4 d Mbere naho noca mu mwonga w’igitutu c’urupfuSinzogira ikibi ntinya; kuk’ uri kumwe nanje: Inyobozo yawe n’ubuhiri bgawe ni vyo bimpumuriza. 5 e Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye.
Iyo mirongo yose yerekana ivy’Imana ikorera abayemereye ko ibabera umwungere kandi Imana niyo kwizigirwa ibihe vyose.
Vyumvikana no umurongo wa mbere umeze nk’urufunguruzo rutwinjiza mû masezerano yo kuva aku murongo wa kabiri kugeza kuwa gatanu.
Dufate akanya ko kurimbura ayo masezera no kuyagira ayacu mu kugira Uhoraho umwungere wacu !

 

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading