Shalom!
Ingaruka nziza zo kugira imico myiza !
1. Bituma tuba akarorero keza ku bataramenya Imana.
Abo i Filipi 2:14-15 “Mukore vyose ata kwidodomba, ata guharira, 15 k kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,“
Ivyo dukora, uburyo twifata biravuga cane kandi birigisha kurusha ivyo tuvuga.
Kugira imico myiza biduha agaciro imbere y’Imana n’imbere y’abantu kandi ibi nivyo vyatumye ishengero rya mbere riter’imbere.
Ivyakozwe n’Intumwa 2:47 ” bahimbaza Imana, kandi na bo bashimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.“
Natwe duhe agaciro kugira imico myiza kuko navyo bifise agaciro kurusha ibindi vyose.
Imigani 22:1 “ Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi,Kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO
Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit