Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom.

Uyu musi tugiye kurabira hamwe ingaruka nziza  zo gushimish’Imana mû vyo tuvuga no mû vyo dukora.

1. Bitum’Imana idushingir’intahe imbere ya Satani nk’uko yabikoze kuri Yobu.

 Yobu 1: 8 Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yuko ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?

2. Iman’ituma ivyo dukora bimenyekanya nk’uko umuco uboneshereza mu mwiza!

Matayo 5:15-16Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose . 16 n Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.

3. Imana birayihimbara kwitwa Imana yacu.

Abaheburayo 11: 16bNi co gituma Imana itamaramazwa no kwitwa Imana yabo,” 

Mbega ivy’uvuga n’ivy’ukora ubona Imana yobifata nk’umuco abandi barabirako,  ntimaramazwe no kwitw’Imana yawe? 😀 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading