Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba ingaruka nziza zo guha agaciro umusi tugezemwo.
1. Duha akaryo Imana ko gukorana natwe.
Matayo 28:20b “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi .”
Imana yasezeraniye intumwa kuzobana nabo imisi yose.
Umusi wose iba yiteguye kubana natwe kugira itwereke ico gukora. Itugir’inama imbere y’ibituzazaniye, itwereka ingene twokor’ivyo tutari tuzi,…
Zaburi 32:8 “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugira inama, ijisho ryanje rizokugumako.“
Niyo yayoboye Petero na Yohana gukiza ikirema kuko war’umusi waco wo kumuguka.
Ivyakozwe n’intumwa 3:6 “Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.“
Niyo yayoboye Petero kuzura Tabita naho atari bwigere azura uwapfuye.
Ivyakozwe n’Intumwa 9:40 “Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.”
Imana iri kumwe natwe imisi yose. Ico tugomba kwitwarararika buri musi n’ugutangurana umusi nayo yoyo n’iyo kwizigirwa kw’isezerano ryayo ryo kubana natwe, kandi birayihimbara kudukoresha buri musi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO