Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Turabe ingaruka nziza zo guha agaciro umusi tugezemwo. ( igice ca kabiri)

2. Bidushoboza gushira mû ngiro ivy’Imana ituganiriza turyamye mw’ijoro.

Rimwe na rimwe Imana iratuganiriza turyamye mû nzozi kugira idutabare.

Yobu 33:15-18 Mu nzozi, mw iravuta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, Bisinziriye ku mariri yabo;16 k Ni ho izibura amatwi y’abantu,Ikabateza ubgoba ivyo ibaburira, 17 Kugira ngw igaburuze umuntu imigabo yiwe, Imurinde ubgibone.18 l Umutima wiwe iwukiza rwa rwobo, N’ubugingo bgiwe ngo ntibgicwe n’inkota.

Loti yaburiwe n’abamalayika kugira ntarwe i Sodomu

Itanguriro 19:15 Umutwenzi utambitse, ba bamarayika bahutagiza Loti, bati Va hasi, ujane umugore wawe n’aba bakobga bawe bompi bari hano, kugira ngo woye kurandukira mu guhanwa kw’iki gisagara.

Imana kandi yaburiye Yosefu iciye mû nzozi kugira ikize Yesu umugambi mubi wa Herodi.

Matayo 2:13-14 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice. 14 Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa,

Umusi n’umwanya ukomeye ku mwana w’umuntu wo gushira mû ngira ivy’Imana ituganiriza mû gihe c’akaruguko k’ijoro.

Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega duhora twitwarariko gushira mû ngiro ivy’Imana iba yaraye iratuganiriza? 😆 

Umusi mwiza wo kugamburukir’Imana!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading