Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Ingaruka mbi zo gukomantara kw’umutima. 
1. Umuntu agira uburemere mu mutima ( stress).
Luka 24:6-12 Ntari hano, ariko yazutse. Mwibuke uko yababgiye, akir’ i Galilaya, 7 b at’ Umwana w’umuntu akwiye gushirwa mu maboko y’abanyavyaha, no kubambga, no kuzuka ku musi ugira gatatu. 8 Bibuka ya majambo yiwe, 9 bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose. 10 c Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bari kumwe na bo, babarira intumwa ivyo. 1Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene: asubira i we, atangajwe n’ibibaye.
 
Ugukomantara kw’umutima wa Petero kwamugumije mu ruhagarara kuko inkuru nziza ko Yesu yazutse vyanse kw’ayakira.v11″ Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibabemera.”
Ukwiruka kwa Petero cari ikimenyetso c’uruhagarara rwari mu mutima wiwe.
Natwe turafise amasezerano menshi muri Bibiliya dukwiye kwakira no kwizera kugira biturinde uburemere bwo mu mutima (stress) ifatiye kuvyo duhura mu buzima bwa misi yose.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading