Shalom!
Ingaruka mbi zo gukomantara kw’umutima.( igice ca 4)
4. Haba gusubir’inyuma mu buryo bw’Impwemu.
Yohana 21:2-3 “Simoni Petero na Toma ari we Hasa bari kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri. 3 Simoni Petero arababgira, ati Ndagiye kuroba. Na bo bati Natwe turajana nawe. Barikora, batambukira mu bgato. Mur’ iryo joro ntibagira ico bafata.”
Iyi nyifato ya Petero n’izindi ntumwa yo gusubira kuroba, cari ikimenyetso co kuva mu muhamagaro.
Yesu akibahamagara yabakuye mu gikorwa co kuroba amafi, ababwira ko bagiye kuroba abantu.
Matayo 4:18-20 “rAciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga p mu kiyaga, kuko bar’ abarovyi. 19 s Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu. 20 t Baca bareka insenga, baramukurikira .“
Ugukomantara kw’umutima gutuma umuntu atakaza ivyizigiro agaca asubira muvyo yari yarahevye.
Twizere tugume duha agaciro umuhamagaro wacu wo muri Kristo Yesu.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO