Shalom!
Ingaruka mbi zo gukomantara kw’umutima. (Igice ca 2)
2. Haba gutakaza umwanya.
Luka 24: 8-10 “Bibuka ya majambo yiwe, 9 bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose. 10 c Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bari kumwe na bo, babarira intumwa ivyo. 11 Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibabemera. 12 Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene: asubira i we, atangajwe n’ibibaye.“
Mariya Magadalene, Yowana na Mariya nyina wa Yakobo, bamaze kwizer’ivyo babwiwe baciye bava mû mva basubir’inyuma.
Petero nawe kubwo gukomantara kw’umutima wiwe, amaze kwumva ko Yesu yazutse yaciye aja ku mva iyo abo bagore bavuye kandi mur’uwo mwanya ntivyari bikenewe kuko yari yumvise ko Yesu atakiri mu mva.
Iyi nyifato ya Patero igaragaza ingene gukomantara kw’umutima gutuma umuntu akora ibidakenewe, agatakaza umwanya mu vy’imburakimazi.
Umwanya wacu ufis’agaciro imbere y’Imana. Twirinde kuwutakaza mu bikorwa bisunitswe no kutizera kuko mu nyuma haba kwicuza tuti iyo menya!
Matayo 6:27 “Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?”
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO