Shalom!
Imvo zotuma dusaba Imana umutima wo gukenguza. Igice ca 3
3. Niwo utuma twumva ijwi ry’Imana.
1Samweli 3:10-12 “Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi. 11 d Uhoraho abarira Samweli, ati Raba nzokora ikintu mu Bisirayeli, uzocumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi. 12 e Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.”
Imana yaje kuganiriza Samweli, yumva ijwi rimuhamagara araryumva kuko itara ry’Imana ritari bwazime. Yafasha akanya ko kumenya nyene iryo jwi, Eli aramufasha amenye ko ari ijwi ry’Imana araryitaba, Imana nayo iboneraho akaryo ko kumuganiriza.
Ni kenshi ijwi ry’Imana riza ku buzima bwacu muga tugasanga tutaryitavye kubwo kutarimenya, Imana nayo ikabura akaryo ko kutumenyesha amabanga yayo.
Dusabe Imana umutima ukangutse wumva ijwi ry’Imana kugira tube abantu Imana ibwira amabanga.
Yobu 33:14″Kukw Imana, har’ ah’ ivuga mu buryo bumwe,
Har’ ah’ ivuga mu bundi, nah’ umuntu atobibabara.”
Tube abaha agaciro ijwi ry’Imana !
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO