Shalom !
Imvo zotuma dusaba Imana umutima wo gukenguza. Igice ca 2
2. Niwo utuma tubaho dutekanye mw’isi.
Abaroma 8: 18-19 “Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa. 19 o Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.“
Hagati y’imibabaro y’iki gihe, umutima w’ubwenge utuma umuntu adaha agaciro iyo mibabaro kuko uwo mutima umwibutsa ko akiri mw’isi kandi ko ariko araniha kuko akiri mw’isi akibuka ko iyo ariko araja ariho hakomeye.
V22 -23 “Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu: 23 r kandi si co gusa, ariko natwe abafise umushuzo wa Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b’Imana, ni kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.“
Umuvyeyi ari ku nda ahabwa inkomezi no kwitega kubona umwana inyuma y’umubabaro.
Natwe kwitega ugucungurwa kw’imibiri yacu kuduha umutima wo kubiha agaciro kuruta ivy’iki gihe!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO