Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Imvo zituma ku wukund’Imana vyose bifataniriza hamwe kumuzanira ivyiza. Igice ca 1  
1. Nta kimubako Imana itakirekuye.
Yobu 1: 9-12 Maze Satani yishura Uhoraho, ati Mbeg’ ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa? 10 h Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. 11 i Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’ afise vyose, urabe kw atazokurogotako imbonankubone. 12 Uhoraho yishura Satani, at’ Eh’ ivy’ afise vyose biri mu kuboko kwawe; ariko we ku mutumba wiwe ntuz’ umukoreko. Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho.
Yobu yari umukunzi w’Imana kandi yaraziriwe. Imbere y’uko agira ivyago, Satani yagiye gusaba uruhusha Imana nayo irabimwemerera, kandi igira n’ivyo imubujije gukora kuri Yobu.
Iki n’ikigaragaza ko Imana yari yizeye Yobu ko ivyo Satani agiye kumukorako bitazotuma areka kumwubaha, kandi niko vyagenze.
Ku bakunda Imana n’iyo binjiye mu kigeragezo bagira inyifato yo gushim’Imana kuko babona mur’ico kigeragezo ko Imana yabizeye, bikabafasha kukinesha.
Reka natwe twamane inyifato nk’iyo mu bitubako vyose, bizotuma twamana intsinzi mu bitubako vyose!

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading