Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Imvo zituma ku wukunda Imana vyose bifataniriza hamwe kumuzanira ivyiza. Igice ca 2.
2. Abona ibintu uko Imana ibibona.
Yobu 1: 18-22 Akibivuga, haza uwundi na we, at’ Abahungu bawe n’abakobga bawe bariko barasangira banywera vino mu nzu ya mukuru wabo, 19 n nuko haza umuyaga w’igihuhuta uturutse mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’inzu; maz’ isidukira kur’ abo bahungu, barapfa; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira. 20 o Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga, 21 p ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’ Uhoraho ni rishemagizwe. 22 q Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.
Yobu yabuze mu mwanya muto, inka, ingamiya n’abana biwe bose. Ariko kuko yari umukunzi w’Imana ntiyayihererejeko amafuti yagumye ashemagiza izina ryayo kuko ntiyapfana n’Imana ivyo yamuhaye, yapfana n’Imana kuba umukunzi wayo, aca abaho abona ibintu nk’uko Imana ibibona.
Kugira tubeho ubuzima bwo gushimir’Imana muri vyose, biradusaba kutubakira ubucuti bwacu n’Imana ku vyo yaduhaye, ariko tubwubakire kuco iri ku buzima bwacu, maze tuzokwama tubona ibintu nk’uko nayo ibibona, twamane ishimwe mu kanwa kacu.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading