Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Imvo zatumye umushunemukazi bimworohera gukomoza ivyiwe: Igice ca 3
3. Yari azi aho atumbereza ibibazo vyiwe.
 Igihe umwana wiwe yari apfuye, umubabaro wiwe ntiyawutumbereje ku mugabo.
2 Abami 4:22-23 Ahamagara umugabo wiwe, aramubarira, ati Ntabaza umuhungu umwe n’indogoba imwe, nkwakwanye nikubitire kwa wa muntu w’Imana, ndagarutse. 23 h Aramwishura, ati N’iki kikujanyey’ uyu musi? Kw atari mu mboneko z’ukwezi canke ngo habe kw isabato! Na we ati Pfa kundeka ngende.
 Ntiyabwiye umugabo ko umwana apfuye.
 N’imbere ya Gehazi, yamubwiye ko ari amahoro.
V25-26 Nukw aragenda, aja iyo wa muntu w’Imana ari ku musozi Karumeli. Uwo muntu w’Imana amubonye akiri kure, abarira umuntu wiwe Gehazi, ati Nguriya wa mugore w’Umunyashunemu. 26 Enda irukanga, muhure, umubaze, uti N’amahoro? ut’ Uragumye, n’umugabo wawe, n’umwana? Amubajije, aramwishura, ati N’amahoro!
 Ariko ashitse imbere ya Elisa niho yaseruriye akababaro.
V27a Ashitse aho nyene kur’ uwo musozi, ah’ uwo muntu w’Imana ari, amufata ku birenge .”
Nico catumye igihe yari yanyazwe atumbera ku mwami atabanje guca ku bandi kuko yarazi aho ibibazo vyiwe abivugira kandi yaciye akomorerwa ivyiwe mû buryo bwihuse.
Natwe aho gukomorerwa ivyacu ni imbere y’Imana mû buryo bwo gusenga. Twoye gutumbereza ibibazo ku bantu canke kurwana mu buryo bw’umubiri.
2 Abo i Korinto 10:4-5 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi, 5 dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading