Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Imvo zatumye umushunemukazi bimworohera gukomoza ivyiwe : igice ca 1&2 
1. Yari mu nzira rwo kwumvira Imana .
2 Abami 8:1-3 Kandi Elisa yari yarabariye wa mugore yazurira umwana, at’ Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’ usuhukira, kuk’ Uhoraho arekuye inzara, kand’ izomara imyaka ndwi mu gihugu. 2 b Nuk’ uwo mugore aragenda, agira nk’uk’ uwo muntu w’Imana yavuze, ajana n’abo mu rugo rwiwe, asuhukira mu gihugu c’Abafilisitiya, amaray’ imyaka ndwi. 3 Iyo myaka ndwi ishize, uwo mugore arasuhukuruka, ava mu gihugu c’Abafilisitiya; araheza araza atakambira umwami, yitwarira urugo rwiwe n’itongo ryiwe.
Uyu mugore yari yahungiye mu gihugu c’abafilisitiya inzara yari igiye gutera kubwo kwumvira umuvugishwa n’Imana Elisa.
Yamazeyo imyaka indwi nk’uko yari yabwiwe.
Amaze gusanga mur’iyo myaka ndwi ivyiwe baravyigaruriye, yumvise ubushizi bw’amanga bwo kuja kubikomoza kuko yarazi ko Imana iri kumwe nawe kandi niko vyari biri kuko Imana yoyo igenzura ibihe yari yamaze gutuma Gehazi amwitangira imbere bihurirana ariko avugana n’umwami ivyerekeye uwo mugore.
Nimba nawe uzi ko uri mu nzira yo kwumvira Imana, ufise uburenganzira bwose bwo gukomoza ikintu cose Satani yakunyaze kuko Uhoraho ari kumwe nawe ! Ico ukora ibutsa Imana ijambo yakubariye gusa, ibisigaye irabikora.
2. Yari azi ko Imana itabesha.
Igihe Imana yamusezeranira umwana biciye kuri Elisa, yibaza ko ari ukumuhenda muga abona Imana irabikoze mu gihe nyene yari yabwiwe.
2 Abami 4:14-17 Maze Elisa arabaza, ati None twomukorera iki? Gehazi aramwishura, at’ Erega nta mwana agira, kand’ umugabo wiwe arashaje. 15 Aramubgira, ati Muhamagare. Amaze kumuhamagara, araza ahagarara mw itangaza ry’umuryango. 16 f Elisa aramubarira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu. Na we aramwishura, ati Sigaho nyabuna, muntu w’Imana, reka kumpenda jewe umusavyi wawe.
17 Hanyuma uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu, ca gihe nyene Elisa yamubariye gishitse.
Umwana amaze gukura, yapfuye giturumbuka, aca aja kwa Elisa amwibutsa ko yari yamubwiye ngo areke kumubesha.
V28 Nya mugore aravuga, ati Mbega mugenzi, ni jewe nari nagusavye umwana? Sinakubariye, nti Reka kumpenda?
No muri ico gihe nyene abona Imana ikoresheje Elisa, umwana arazuka asubira kubaho.
V36-37 Elisa ahamagara Gehazi, aramubarira, ati Hamagara uwo mugore w’Umunyashunemu. Nukw aramuhamagara. Ashitse, aramubarira, at’ Abira umwana wawe. 37 q Nukw arinjira, arunama ashika hasi imbere y’ibirenge vyiwe; araheza aterura umwana wiwe, arasohoka.”
Ivyo vyatumye n’igihe yaragarutse agasanga yaranyazwe, aja imbere y’umwami ashize amanga kuko yarazi ko iyamugaruriye umwana imugarurira n’itongo.
Reka natwe twibuke ivy’Imana yakoze muri kahise, duhagarare mu kwizera ntitwemera ko Satani atunyaga ikintu na kimwe kandi uwaduhaye atigera yivuguruza.
Yeremiya 29:11 Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw ar’ ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ ivy’ ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu .

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading