Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Ico dukwiye kwitwararika ni ukuguman’Imigenderanire myiza n’Imana. Imvo:

1. Imana iba hose.

Mû mazi iriyo, mû muriro iriyo, mû muzimagiza, iriyo,…

Zaburi 139:7-12 Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe? Canke nohungira hehe mu nyonga hawe? 8 g Noduga nkaja mw ijuru, uriyo: Nokwisasira i kuzimu, eh’ uriyo. 9 Nokwabira amababa y’umutwenzi, Nkagerera ku mpera y’ikiyaga; 10 h Aho na ho ukuboko kwawe kwohandongorera, Ukuboko kwawe kw’i buryo kwohamfatira. 11 i Nokwibgira, nti N’ukuri umwiza ugira unyubikizeko, N’umuco unkikije uhinduke ijoro; 12 j N’umwiza na wo ntugira ico woguhisha, Ariko mw ijoro habona nko ku murango; Umwiza n’umuco kuri wewe ni bimwe.

2. Imana ntaho itokur’umuntu.

Kuko ibera hose ic’arimwe, yakuye Shaduraka, Meshaki na Abudunego mû umuriro. Daniyeli 3:24-27 

Yazigamye Yona mû nda y’urufi. Yona 2:5-6 Amazi yanciye irya n’ino, ashika no ku bugingo bganje:Ibgina harankikije; ibirandaranda vyo mu mazi vyanyizingiriye mu mutwe. 6e Ndamanuka nja mu mizi y’imisozi; Isi n’ibihindizo vyayo vyanyugaranye ibihe bidashira: Arik’ Uhoraho Mana yanje, wakuye ubugingo bganje muri rwa rwobo.

Birashoboka ko wob’uriko uca mû nzuzi zisuriranya canke mû muriro, ariko ntutinye, witege kubon’Imana uko utigeze kuyibona.

Yesaya 43:2 Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzuzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

 99 total views,  1 views today

Leave a comment