Shalom!
Impinduka zitubako iyo Yesu atwiyeretse ukundi gusha. Igice ca 1-3
1. Tubona ububi bwacu.
Yohana 21: 7″Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga.”
Yesu amaze gushika aho Petero ari n’abo bari kumwe, yasanze Petero ari gusa kandi nta n’ico vyari bimubwiye. Ariko yapfuye kwumva ko ari imbere ya Yesu aca arafuka ubwambure bwiwe.
Uko niko bimera iyo Kristo yihishuye mw’ijambo ryiwe ridushikana aho dutahura ububi bwacu tukihana tugahindura ingendo.
Abaheburayo 4:12-13″Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira. 13 Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.”
Twitege ukwama tubone Yesu buri musi biciye mw’ijambo ry’Imana twahawe bizotuma twitahura, twihanure buri musi nikwo kwezwa Imana idushakako mû rugendo rwo gukura no gushushanwa na Kristo.
2. Ukuzazanirwa kurahera .
Yohana 21:12″Yesu arababarira, ati Ni muze murye. Ariko mu bigishwa ntihagira utinyuka kumubaza, at’ Uri nde? Kuko bari bamenye kw’ ar’ Umwami Yesu.”
Uburyo Yesu yiyeretse abigishwa biwe, bwatumye ukuzazanirwa kwose guhera ku buryo bamumenye basigara ata kibazo na kimwe bamubaza.
Icari catumye basubira kuroba, birashoboka ko ugupfa kwa Yesu kwoba kwatumye bibaza ibibazo vyinshi bitagira inyishu kubwa kazoza kabo, kubw’ico bari muri uwo mwanya, …..
Ariko Yesu amaze kubiyereka, bose baramumenye ku buryo ata wamubajije ngo uri nde?
Akenshi mû gihe c’ibigeragezo vya buno buzima, umuntu usanga agira ibibazo vyinshi bitagira inyishu, agashika naho yibaza nimba Imana yumva gusenga kwiwe, canke nimba yaramwibagiye,….
Igikwiye n’uko Yesu asubira kwigaragaza ukundi gusha kugira ibibazo n’ukuzazanirwa kwose bihagarare.
Dusabe Imana ubwo buntu bwaje ku ntumwa natwe butuzeko mu gihe nk’iki usanga ibibazo no kuzazanirwa ari vyinshi kuri benshi.
3. Haba inagurwa ry’umuhamagaro.
Yohana 21: 15-19″Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje. 16 j Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje. 17 k Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje. 18 l N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosazira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba. 19 m Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.”
Yesu amaze kwiyereka Petero n’izindi ntumwa, yasubiye kumwibutsa incuro 3 igikorwa yamuhaye c’uburongozi yongerako asubira kumusaba kumukurikira.
Twibukanye ko n’umusi wambere amutoranya yamubwiye kumukurikira.
Matayo 4:18-19″rAciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga p mu kiyaga, kuko bar’ abarovyi. 19 s Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.”
Uku kuntu Yesu yakurikiranye intumwa kandi bigaragara ko bari basubiye inyuma, ni ikimenyetso c’uko Imana idahamagara abakomeye, ariko ikomeza abo ihamagara.
Iyashikamishije Petero mu muhamagaro wiwe niyo ishobora kudushikamisha muvyo yatwijeje kuyikorera.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO