Shalom !
Impinduka zabaye ku ntumwa inyuma y’imisi 10 yo gusenga. Igice ca 4
4. Gushira amanga.
Ivyakozwe n’intumwa 4:18-20 “Babahamagaje, barabihanikiriza ngo ntibazirukanye ngo bavuge canke bigishe mw izina rya Yesu. 19 m Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye: 20 kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.“
Abaherezi, abasadukaya, abanyabwenge b’ivyanditswe, abashingantahe, abacamanza, bakoze uko bashoboye mû guter’ubwoba intumwa, kubafunga, bababuza kuvuga mw’izina rya Yesu.
Ariko Petero na Yohana barashira amanga imbere yabo bababwira ko badashobora kureka kuvuga ivyo babonye n’ivyo bumvise kuri Kristo.
Uko gushiramanga kwabo kwatumye babura uko babagira barabarekura. V21
Inguvu nk’izo nta handi ziva atari mû masengesho afatanije no kumenya ukuri kw’ijambo ry’Imana bizana umwidegemvyo.
Duhe akaryo Imana ko gukomezwa mur’ubwo buryo mur’iyi misi 10 yo gusenga.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO