Shalom!
Impinduka zabaye ku ntumwa inyuma y’imisi 10 y’amasengesho.
1. Gukorera mû bumwe.
Ivyakozwe n’Intumwa 2: 14-15 “Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje. 15 Aba ntibaborewe nk’uko mwiyumvira, kuk’ ubu ar’ isaha zitatu z’umusi,“
Tubona Petero afata ijambo nk’umurongozi, izindi ntumwa zimushigikiye, atangura gusobanura ivyari bijoreje abantu mû gihe bumva bavuga indimi nyishi kubwo kuza kwa Mpwemu Yera bibaza ngo baborewe.
V12-13 “Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? 13 Arikw abandi barabanegura, bati Baborewe igisama.“
Twibukanye ko imbere yaho izi ntumwa zasharikana hagati yabo umwe wese yifuza kuba mukuru.
Luka 9:46-48 “Kandi havyuka ibihari muri bo, vy’umukuru wabo uw’ ari we. 47 Ariko Yesu abonye ivyo bihari vyo mu mitima yabo, yabira akana, agahagarika i ruhande yiwe, 48 w arababgira, at’ Uzokwakira aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ unyakira aba yakiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.“
Amasengesho azana ubumwe, kwubahana no guhana agaciro mû gikorwa c’Imana.
Reka natwe iyi misi yo gusenga idushoboze gukorera mû bumwe!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO
Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit