Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Impinduka zabaye ku ntumwa inyuma y’imisi 10 y’amasengesho. Igice ca 3:  
3. Kutiba Imana icubahiro cayo.
Ivyakozwe n’intumwa 3:11-14 Agifashe Petero na Yohana, abantu bose birukira kuri bo, bakoranira kw ibaraza ryitwa irya Salomo, batangaye cane. 12 Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha? 13 f Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.
Petero na Yohana bahejeje gukiza ikimuga mw’izina rya Yesu, abantu bose baje kubashengerera nk’aho aribo babikoze.
Ariko Petero aba yabibonye aca abona akaryo ko kuvuga ubushobozi bw’Imana ihejeje kubikora, yirinda kwakira icubahiro c’Imana ngo akiyibe, aciyitirire nk’uko abenshi babikoze biteranya n’Imana.
Gusenga kudukuramwo kamere yo kwishira hejuru no kwama turondera icubahiro c’Imana muvyo dukora.
Zaburi 115:1 Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ukuri kwawe.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading